Podcast Afrique.
Yaga21 avril 202221 min

#Tahura, Ep. 9 : ubusage n’ubuyeye, kwoba ari uguta indero ? 🤨

Ejo bundi hari umuhungu bari bimye ubugeni bamuhoye ubusage afise ku mutwe 🙁

Vyasavye ko abumwa kugira amutahukane 💇🏾‍♂️

Nivyo ko uwushaka inka aryama nka zo, ariko none ubwo rimwe na rimwe ntiduhohotera abantu kubera tutize kwakira ivyo bakunda na cane cane ko bataturengeye akarimbi ? 🤔

😏 Nk’ubu haje umukenyezi ashoboye guteza imbere ishirahamwe womwima akazi kubera yambaye inyerere ?

😉 Kandi ga si uguta akaranga abakurambere baragira ubusage bakambara n’inyerere…

🎙 Reka tubiyage kugira hagumeho ugushira n’ukwizana mu gihugu.

#YagaPodcast #Tahura #AgatekaKaZinaMuntu

#Tahura, Ep. 9 : ubusage n’ubuyeye, kwoba ari uguta indero ? 🤨Yaga
0:00
21:24