Podcast Afrique.
Yaga20 mars 202226 min

Parole aux femmes, Ep. 9 : UFB, ivyo mutari muzi ku muhari wa mbere w’abakenyezi mu Burundi

Mwari muzi yuko aho hambere umukenyezi yahembwe, umushahara waja gutorwa n’umugabo wiwe?

Mwari muzi yuko aho hambere umukenyezi atashobora kugira ikonti muri banki umugabo wiwe atamuhaye uruhusha?

Mwari muzi yuko aho hambere umukenyezi atashobora kuronka urupapuro rw’inzira (passeport) atabanje kwerekana ikete ry’umugabo wiwe rubimuhera uruhusha?

Izo ni zimwe mu ntambara nyinshi umuhari w’abakenyezi b’abarundikazi UFB warwanye ndetse urazitsinda maze agateka k’umukenyezi kabandanya gatsimbatara nk’uko tubiyagirwa na Christine Mbonyingingo muri kino gice ca kabiri c’ikiganiro #ParolesAuxFemmes

Parole aux femmes, Ep. 9 : UFB, ivyo mutari muzi ku muhari wa mbere w’abakenyezi mu BurundiYaga
0:00
26:22